• Home
  • ACTUALITÉS
  • Naho abakozi bo kubitaro vy'umwizero w'afrika vy'ikibuye « Hôpital Espoir d'Afrique », bamaze kwandika amakete yogusaba kurenganurwa, gushika ubu ntakirakorwa. Ubu bakaba bafise umubabaro n'agahinda ntangere batagira uwo babitura

Naho abakozi bo kubitaro vy'umwizero w'afrika vy'ikibuye « Hôpital Espoir d'Afrique », bamaze kwandika amakete yogusaba kurenganurwa, gushika ubu ntakirakorwa. Ubu bakaba bafise umubabaro n'agahinda ntangere batagira uwo babitura

Abaforoma bafise impamya bushobozi za niveau A2 bakorera kubitaro  vy'umwizero w'afrika  vy'ikibuye  « Hôpital Espoir d'Afrique » hamwe n'abakozi batobato bakora isuku bita aba travaleus     bafise umubabaro  n'agahinda ntangere        aho bidogera  ubuyobozi   bukuru bujejwe ibisata vyose  vyegukira      ishengero  méthodiste libre muburundi « IMELEA » Initiative Libre pour Espoir d'Afrique,  umwidogo w'abo bakozi   ukaba ufatiye kugashahara gato  bahembwa k'intica ntikize .

Mugihe bakora amasaha menshi   kuva 7h 30  kugeza  17 h  ikintu rero kitunvikana   n'uko abaforoma bagenzi babo bafise impamya bushobozi ya kaminuza bo bahembwa neza caane  kandi iyo mirwi 2 y'aba foroma bakora akazi kamwe kandi abo vyitwa ko bize make   aribo bize neza uwomwuga babizi gusumba abo vyitwa ngo bize   Kaminuza.      Abo baforoma  barababazwa caane  noguhemwa inusu y'umushahara n'umuntu mukora akazi  kamwe.   

Twarasavye kenshi kwongerwa agashahara  vyaranse  benshi bafashe ingingo yo guheba akokazi  ubu ivyo bitaro ntabakozi  bifise     bariko bikora kubagiheza ishure bari muri Stage   ari nabo bafise ubumenyi buke    navyo akaba    ari gushira mukaga  ubuzima bwabantu   nk'uko vyibonekeje ubushize  aho bene abo bastagiaire bari muri Stage professionnel bateye umuti utariwo abapfasoni 2 bagomba  gukorwa birangira bitavye imana. 

Turasavye   uwitwa  Evariste  bimenyimana    atwara       « IMELEA »  atange uruhusha twongerwe agashahara   kuko  birababaje   caane gukora abandi bagahembwa mwubu buzima butoroshe.  Ubundi bubegito bafise  n'uko hariho ishirahamwe ry'abazungu rigaburira abarwayi bose bitura ivyo bitaro    ariko abakozi  ntibahabwe  kwivyo bifungurwa. 

Tubibutse ko Hôpital kibuye ari ibitaro v'yakarere k'ubuvuzi ka kibuye   biri mu ntara ya Gitega commune gishubi.         Turasaba kwongerwa agashahara  kuko turiko dukorera ubusa tumaze imyaka  3 tudahabwa agashirukabute Reta itanga bita prime de base sur les performances  kandi kama kabonetse    kakaribwa n'abarongozi  bishengero n'umuyobozi w'ibitaro. 

Mwomenyako abo bakozi bamaze kwandika amakete y'ivyo basaba bakagirana n'umubonano, ngo yamara ivyo vyose vyarwijwe n'ubusa, ngo gushika nubu ntakirakorwa. Muri kino gihe tukaba turiko turagerageza kurondera Evariste Bimenyimana atwara « IMELEA » hamwe n’umuyobozi w'ibitaro Hôpital Kibuye  Kibinakanwa Gilbert hamwe n’icegera c'umuyobozi w'ibitaro  Ndikuriyo J Marie, kugira ngo tumubaze luri ayo marira yabo bakozi.

 

Vyanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.

 

Partager cet article !